Uko wahagera

Ubwoko Bushasha bwa Corona muri Afurika y'Epfo, Botswana na Hong Kong


Umwe mu bagwariye mu Bitaro vyo muri Afurika y'Epfo

Afrika y'epfo yatoye ubundi bwoko bushasha bw'umugera wa Covid-19 mu gihugu. Ubwo bwoko bushasha bwitwa B.1.1.529 bwahindaguritse incuro nyinshi. Abahinga mu bumenyi batangaza ko biteye impungenge kubera bishobora gutuma abasirikare b’umubiri badashobora kuburwanya kandi bwandukira kurushiriza.

Ibimenyetso vya mbere bivuye mu biro bikora ibipimo ku ndwara n’imigera vyerekana ko ubwo bwoko bushasha bwiyongeye n’ingoga mu ntara ibamwo abantu benshi ya Gauteng. Bushobora kuba buza bumaze kugera mu zindi ntara 8 zigize Afrika y’epfo.

Ubwo bwoko bushasha B.1.1.529 buza kandi bwatowe muri Botswana na Hong Kong. Uwasanganywe ubwo bwoko muri iyo ntara ni umuntu yari avuye muri Afrika y’epfo.

Abahinga mu bumenyi bavuga ko abantu bashasha bagera ku bice 90 kw’ijana bandura mu ntara ya Gauteng bashobora kuba bafise ubwoko bw’umugera mushasha bwa B.1.1.529.

Abo bahinga bariko baragerageza kumenya vyinshi ku vyerekeye ubwo bwoko bushasha n’inkurikizi bushobora kugira. Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Joe Phaahla, avuga ko hakiri kare kugira bimenyekane niba reta izofata ingingo zikomeye mu ntumbero y’ukwishura kuri ubwo bwoko bushasha bwa Covid-19. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG