Uko wahagera

ONU: Ikamyo 18 za PAM Zibwe muri Etiyopiya


Abantu bahunze intambara mu bice vya May Tsemre, Addi Arkay na Zarima bagandagaje barindiriye guhabwa ibifungurwa.
Abantu bahunze intambara mu bice vya May Tsemre, Addi Arkay na Zarima bagandagaje barindiriye guhabwa ibifungurwa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa mbere ryavuze ko ku ncuro igira kabiri, mu misi mike, imfashanyo z’ibifungurwa bigenewe abanyagihugu bashonje muri Etiyopiya zongeye kwibwa.

Umuvugizi wa ONU, Farhan Haq yavuze ko abantu bitwaje inkoho bakekwa kuba abasirikare ba reta canke abo bacuditse binjiye mu kibanza c’i Kombolcha batwara amakamyo 18 ya PAM. Yavuze ko ayo makamyo bayakoresheje ivyabo mu bibanza bitandukanye, mu nyuma 15 ziragarukanywa, ariko izindi zitatu ntibazi iyo ziri.

Uwo avugira ONU avuga ko umutekano w’abakozi ari co kiza imbere, asaba ko abakozi ba ONU n’izo kamyo zabo bigarukanywa vuba bidatevye.

PAM ivuga yo yabimenyesheje reta nkuru ya Etiyopiya hamwe n’abategetsi batwara igisagara ca Dessie, mu ntara ya Amhara mu buraruko bwa Etiyopiya.

ONU ivuga kandi ko abantu bangana imiliyoni 3.7 muri Amhara bakeneye imfashanyo kubera intambara hagati ya reta n’abarwanyi ba TPLF. Imirwano hagati y’izo mpande zibiri imaze umwaka urenga. Mu kwezi kw’indwi niho yatandukira mu ntara za Amhara na Afar. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG