Uko wahagera

Inteko za Burkina Faso na Nijeri Zemeza ko Zishe Abakora Iterabwoba 100


Abasirikare ba Burkina Faso mu bikorwa vyo gukizurahafi y'ikambi ya gisirikare i Ouagadougou, kw'italiki ya 29/04/2015.
Abasirikare ba Burkina Faso mu bikorwa vyo gukizurahafi y'ikambi ya gisirikare i Ouagadougou, kw'italiki ya 29/04/2015.

Ibisirikare vya Burkina Faso na Nijeri vyavuze kuri uyu wa kane ko vyishe hafi abakora iterabwoba 100 mu bikorwa vya gisirikare bakoreye hamwe ku rubibe ivyo bihugu bisangiye. Ivyo bitero vyabaye hagati y’amatariki ya 25 y’ukwezi kwa cumi na kumwe n’itariki 9 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Mw’itangazo basohoreye hamwe, bavuze ko ivyo bitero vyahitanye abakora iterabwoba 100, bafunga abandi 20 baketse ko bakorana nabo.

Bavuga kandi ko basambuye amakambi abiri y'iyo mihari ikora iterabwoba, imwe y’i Kokoloukou mu burengero bwa Nijeri iyindi i Yeritagui mu buseruko bwa Burkina Faso.

Abasirikare bane ba Burkina Faso kandi barishwe na bombe batezwe mw’ibarabara, nkuko iryo tangazo rivuga.

Imihari y’iterabwoba ishamikiye kuri Al-Qaeda n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu irasinzikaje akarere ka Sahel kuva mu 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG