Uko wahagera

Umuntu wa Mbere Yanduye Ubwoko Omicron Yatowe muri Amerika


Abapilote b'indege za Air China mu myambaro yo kwikingira imigera bashitse ku kibuga c'indege i Los Angeles, kw'italiki ya 30/11-2021
Abapilote b'indege za Air China mu myambaro yo kwikingira imigera bashitse ku kibuga c'indege i Los Angeles, kw'italiki ya 30/11-2021

Abategetsi bo mu gisata c’amagara y’abantu muri Reta zunze ubumwe za Amerika bavuga ko umuntu wa mbere yanduye ubwoko bushasha bwa Corona bwitwa omicron yabonetse muri reta ya California.

Ikigo CDC kijejwe kugenzura ingwara cavuze ko uwo muntu yari ingenzi yatashe muri Amerika ivuye muri Afrika y’Epfo kw’italiki ya 22 y’ukwezi kwa cumi na rimwe. Ico kigo cavuze ko uwo muntu yari asanzwe yarafashe incanco zose zo kwikingira Covid-19 nkuko bisabwa.

Uyu muntu atowe mu gihe reta ya Perezida Joe Biden iriko iritegura gushiraho amategeko asaba ingenzi zose ziva mu makungu kwipimisha kugira ubwo bwoko bushasha ntiburandagate mu gihugu.

Abategetsi bariko bararabira hamwe nimba ingenzi zose zokwikumira mu bibanza vya bonyene mu kiringo c’imisi indwi bacinjira muri Amerika. Izi ngingo zizoraba kandi n’abanyamerika batahuka bavuye mu makungu.

Perezida Joe Biden vyitezwe ko atangaza izi ngingo mw’ijambo ashikiriza abanyamerika kuri uyu wa kane.

Amerika yifatanije n’ibindi bihugu bimaze gushiraho amategeko ku ngenzi ziva mu makungu kuva ubwo bwoko bushasha bwa Corona, omicron butorewe ubwa mbere muri Afrika y’Epfo.

(AP, Reuters, AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG