Uko wahagera

Ubwoko Bushasha bwa Corona, Omicron, Buhangayikishije Amakungu


Ubwoko bushasha bw'umugera wa Corona bwitwa Omicron burateye ibibazo bikomeye amakungu. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu OMS, rivuga ko amakungu ategerezwa kwitegura.

Ishirahamwe OMS ryamenyesheje uno musi ku wa mbere ko ubwo bwoko bushasha Omicron bushobora gukwiragira mu bice bitandukanye vyo kw’isi kandi bushobora gutuma ibitigiri vy’ababwandura vyiyongera mu bishobora kugira ingaruka zikomeye mu bice bimwe bimwe vyo kw’isi.

Nta bantu barahitanwa na Omicron baratangazwa gushika ubu. Ubundi bushakashatsi burakenewe kugira abantu bamenye niba ubwo bwoko bushasha bushobora kunanirana ku ncanco zihari muri iki gihe.

Ishirahamwe OMS ryasavye ibihugu 194 birigize kwihutisha igikorwa c’ugukingira abantu bashobora kugeramirwa kurusha abandi.

Omicron ni ubwoko bw’umugera wa Corona bwahandaguritse incuro nyinshi. Ivyo bikaba biteye impungenge zikomeye canke ku ngaruka bishobora kugira mu rugamba rw’ukurwanya ikiza ca Covid-19.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Gebreyesus avuga ko Omicron yerekana ko amakungu akwiriye gushika ku masezerano yerekeye ibiza. Yabitangaje igihe yugurura inama y’abashikiranganaji bajejwe amagara y’abantu bitegekanijwe ko batangura ibiganiro ku vyerekeye amasezerano nkayo.

Ayo masezerano bitegekanijwe ko azoshikwako mu kwezi kwa gatanu, umwaka w’i 2024, azoba yerekeye gusangira amakuru ku migera itera yiyadukiza kw’isi hamwe n’incanco zishobora kuva mu bushakashatsi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG