Uko wahagera

Kenya: Impunzi Zahawe Uburenganzira bwo Gukora no Kwiga


Ikambi y'impunzi y'i Dadaab, hafi y'urubibe Kenya ihana na Somaliya
Ikambi y'impunzi y'i Dadaab, hafi y'urubibe Kenya ihana na Somaliya

Reta ya Kenya yaremeje itegeko rishasha riha uburenganzira bwo kwiga no gukora, ku mpunzi zingana hafi igice c’umuliyoni ziri mu makambi y’impunzi muri ico gihugu.

Iri tegeko rigiye gucira inzira izo mpunzi yo kugira uruhara mu gisata c'ubutunzi hamwe no mu buzima bwo mu kibano muri Kenya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR, ryashimye iyo ngingo ya reta ya Kenya. Umuvugizi wa HCR muri Kenya, Eujin Byun, avuga ko ibi bizotuma impunzi ziyumvamwo guhabwa agaciro mu rugo rwabo rushasha.

Iri tegeko rishasha rije mu gihe mu mwaka uza ari ho Kenya itegekanya kwugara amakambi abiri manini y’impunzi, ahaye indaro impunzi zirenga 400.000 ziva muri Somaliya na Sudani y’ubumanuko.

Impunzi zipfuza ko izo kambi zugarwa vuba kugira zironke amahirwe yo kubaho ubuzima hanze y’amakambi nk’abandi banyagihugu. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG