Uko wahagera

Ubushinwa Bwemereye Afrika Incanco za Covid-19 Zingana Umuriyaridi


Perezida w'Ubushinwa Xi Jinping
Perezida w'Ubushinwa Xi Jinping

Perezida w’Ubushinwa yemeye kuri uyu wa mbere guha umugabane wa Afrika incanco za Covid-19 zingana umuriyaridi. Ni mu gihe Afrika ikigwana no kuronka incanco zikwiye zo gukinga uyo mugera.

Mw’ijambo yashikirije hakoreshejwe ubuhinga bwa Videwo, mu nama yahuje Ubushinwa na Afrika yabereye hafi y’umurwa mukuru wa Senegal, Dakar, Perezida Xi Jinping yavuze ko igihugu ciwe kigiriyeko gitanga ubwo nyene incanco imiliyoni 600.

Izindi miliyoni 400 zisigaye zizotangwa biciye mu yindi migambi, nko gushira amafaranga mu mashirahamwe azozihingurira muri Afrika.

Iyi nama muri Senegal ikurikiye urugendo rw’umushikiranganji w’imigenderanire wa Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken muri Kenya, Nijeriya na Senegal, aho bisa nuko ibi bihugu bibiri bitunze kuruta ibindi kw’isi bisa n’ibiriko birerekana igihagararo cavyo muri Afrika.

Mu kwezi guheze, perezida wa Amerika Joe Biden yatangaje impano z’incanco imiliyoni 17 kuri Afrika zahinguwe na Johnson & Johnson biciye mu bumwe bwa Afrika. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG