Umuryango w'ubumwe bwa Afrika utegekanya kugura incanco z'ukwikingira ikiza ca Covid-19 zigera ku miliyoni 110 z'isosiyete Moderna. Ivyo bizoba hisunzwe amasezerano yorohejwe n’ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, bizorindira gutanga zimwe muri izo ncanco zari zigenewe ico gihugu kugira vyorohereze ayo masezerano.
Izo ncanco zizotangwa mu mezi ari imbere. Imiliyoni 15 muri zo zizoshika imbere y’impera z’uyu mwaka w’i 2021, imiliyoni 35 mu mezi atatu ya mbere y’umwaka uza mu gihe imiliyoni 60 nazo zizoshika mu mezi atatu azokwirikira.
Intumwa idasanzwe y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ku bijanye n’ikiza ca Covid-19, Strive Masiyiwa, yatangaje ko ari intambwe ikomeye kubera bizotuma bongereza igitigiri c’incanco zizoboneka buno nyene. Basaba ibindi bihugu bikora incanco gukwirikira akarorero ka Amerika mu kubarekurira kugura incanco zigenewe kwirinda Covid-19.
Bubaye ubugira kabiri umuryango w’ubumwe bwa Afrika ugirana amasezerano n’isosiyete ikora imiti mu ntumbero y’ukugura incanco z’ukwirinda ikiza ca Covid-19. Warashitse ku masezerano mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka n’isosiyete Johnson & Johnson y’ukugura incanco zigera ku miliyoni 400.
Incanco zimirije gutangwa ziri musi cane y’izo akarere ka Afrika gakeneye kugira gakingire abantu umuliyaridi n’imiliyoni amajana atatu bako. 8.4 kw’ijana gusa vy’abanyafrika nibo bonyene bamaze kuronka n’imiburiburi urucanco rumwe, umuntu abigereranije na 48.7 kw’ijana kw’isi muri rusangi, nkuko bitangazwa n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS.
Facebook Forum