Uko wahagera

Covid-19: Amerika Yahaye UA Doze Imiriyoni 17 z'Incanco za J&J


Umuforoma wo mu bitaro vyitiriwe Kenyatta i Nairobi avugana na bagenzi we igihe bari biteguriye kwakira incanco nshasha, kw'itariki ya 5-03-2021
Umuforoma wo mu bitaro vyitiriwe Kenyatta i Nairobi avugana na bagenzi we igihe bari biteguriye kwakira incanco nshasha, kw'itariki ya 5-03-2021

Reta zunze ubumwe za Amerika yemereye ubumwe bwa Afrika, impano y’amadoze imiriyoni 17 y’urucanco rwa Covid-19 yakozwe n’ihinguriro ry’imiti ryo muri Amerika, Johnson & Johnson. Perezidanse ya Amerika, White House, yabivuze kuri uyu wa kane inyuma y’umubonano Perezida Joe Biden yagiranye na mugenzi wa Kenya, Uhuru Kenyatta. Izi ziciye zishikana ku gitigiri ca Doze imiriyoni 67 Amerika imaze guha umugabane wa Afrika.

Muri uyo mubonano, Perezida wa Amerika Joe Biden yavuze ko Amerika ibandanya gufashanya n’abandi mu rugamba rwo kurwanya ikiza ca COVID-19.

Kenyatta yavuze ko Amerika yakoze ivyo ishoboye vyose, atari mu gufasha Kenya gusa, ariko n’umugabane wa Afrika muri rusangi muri iki gikorwa co gutanga imfashanyo z’incanco.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, rigereranya ko imiriyoni 59 z’abantu muri Afrika bamaze kwandura umugera wa Covid-19. Barenze ibitigiri bitangazwa ko Afrika imaze kuronka abantu imiriyoni 8 banduye uyo mugera.

Perezida Kenyatta yabonanye na Perezida Biden muri White House kuri uyu wa kane, aho baganiriye ku bibazo bitandukanye, birimwo demokarasi, ibibazo vy’agateka ka muntu, umutekano, hamwe n’ihindagurika ry’ibihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG