Uko wahagera

AFP: Abarenga Ibihumbi 200 Bamaze Kwicwa na COVID-19 muri Afrika


Abaforoma bategura gukura ikiziga c'uwishwe na Corona, mu bitaro vy'i Machakos, muri Kenya. kw'itariki ya 20/08/2021
Abaforoma bategura gukura ikiziga c'uwishwe na Corona, mu bitaro vy'i Machakos, muri Kenya. kw'itariki ya 20/08/2021

Abantu barenga 200.000 baramaze kwicwa n’umugera wa Corona muri Afrika kuva ugitangura gutera. Ibi biri mu biharuro vyatanzwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP kuri uyu wa kabiri.

Ibihugu 54 bigize umugabane wa Afrika ntivyasinzikaye cane ugereranije n’ibindi bihugu kw’isi. Ariko Afrika, umugabane w’abantu barenga umuriyaridi n’ibihumbi 300, uramaze gutakaza abanyagihugu bawo 200 254 kuva uwo mugera waduka mu Bushinwa mu kwezi kwa cumi na kabiri 2019.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, rivuga ko igitigiri c’abandura uwo mugera kiri hasi bivanye n’uko ata bipimo bihagije biri muri Afrika.

Afrika ifise kandi ibitigiri bito vy’abamaze gucandagwa uwo mugera ugereranije n’iyindi migabane. Ibitigiri vya AFP vyerekana ko mu banyafrika 100, umunani gusa ni bo bamaze gucandagwa. Ni mu gihe ku mugabane wa Buraya ari abantu 102 n’116 muri Reta zunze ubumwe za Amerika na Canada.

Abantu Covid-19 imaze guhitana kw’isi hose barenga imiriyoni 4 n’ibihumbi 570. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG