Uko wahagera

Perezida Biden Azofashisha Ibihugu Izindi Ncanco Imiriyoni 500


Perezida Joe Biden mu nama kuri COVID-19
Perezida Joe Biden mu nama kuri COVID-19

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yatangaje kuri uyu wa gatatu kuzogura izindi miriyoni 500 z’amadoze ya Covid-19 zizohabwa ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere mu mwaka uza. Yavuze ko amareta ashobora gukora vyinshi, ariko ko Amerika idashobora gukora vyose yonyene.

Amerika yaheruka kwemera gutanga izindi doze zirenga imiriyoni 500 zakozwe n’ihinguriro Pfizer na BioNTech ku bihugu bikiri mu nzira y’amajambere nyene, zikazoheza gutangwa mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu umwaka uza.

Izi ncanco nshasha Amerika yemeye kuzotanga ziciye zishikana igitigiri c'umuriyaridi Amerika imaze kwemera kuzogurira ibindi bihugu.

Ibi Perezida Joe Biden yabitangarije mu nama kuri COVID-19 yarimwo n’abakuru b’ibihugu vy’Ubwongereza, Canada, Indoneziya, Afrika y’epfo hamwe n’umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus.

Perezida Biden yifatanije n’umugambi OMS wihaye intego yo kuzoba hacandazwe hafi 70 kw’ijana vy’ababa kw’isi mu mwaka uza, no gusaba ibihugu bitunze kwongereza utwigoro two kurwanya ikwirakwira ry’uwo mugera. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG