Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryita ku magara y’abantu, OMS, ku mugabane wa Buraya, kuri uyu wa kabiri vyavuze ko uwo mugabane w’ibihugu 53 ushobora kubona abandi bantu 700.000 bicwa na COVID-19 mu mezi ane ari imbere, mu gihe utwigoro two gucandaga tutokwiyongera.
OMS ku mugabane wa Buraya yavuze ko uwo mugabane wabonye abantu hafi 4.200 bishwe na COVID-19 mu ndwi iheze, ibitigiri vy’abapfa ku musi vyiyongereye incuro zibiri kuva mu mpera z’ukwezi kw’icenda.
Umugabane wa Bulaya umaze gutakaza abantu barenga umuriyoni 1.5 bishwe na Covid-19 kuva ico kiza gitera. Ibiharuro vyatanzwe n’ikigo ca Bulaya kijejwe amagara y’abantu vyerekana ko Covid-19 ari yo ya mbere yica abantu benshi ku mugabane wa Bulaya no muri Aziya yo hagati iki gihe.
Haruhande y’ivyo, abashikiranganji bo mu bihugu vyo mu bumwe bwa Bulaya bakoraniye i Buruseli mu Bubiligi kuri uyu wa kabiri, baganira kw’irungikwa ry’urucanco rw’inyongera mu Bulaya kugira birukane uwo mugera wongeye kwiyongera. (VOA)
Facebook Forum