Uko wahagera

OMS: Umwaka wa 2021 Ushobora Kuzoba Mubi kuri COVID-19


Abaganga bariko barafata ibipimo vy'umugera wa corona, mu ntara ya Hubei mu Bushinwa, kw'italiki ya 6-01-2021
Abaganga bariko barafata ibipimo vy'umugera wa corona, mu ntara ya Hubei mu Bushinwa, kw'italiki ya 6-01-2021

Umuyobozi w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryita ku magara y’abantu, OMS, gishinzwe ugutabara vyihuse yagabishije kuri uyu wa gatatu ko uyu mwaka ugira kabiri ushobora kuzoba mubi kukiza ca COVID-19, n’iburiburi muri aya mezi make ya mbere.

Mu biganiro vyahuje abategetsi ba OMS uyu musi, Mike Ryan yavuze ko yihweje ingene uyu mugera uriko ubandanya urandagata mu bantu hamwe n’ibindi bibazo bimaze kwibonekeza, umwaka wa 2021 ugiye kutoroha, cane cane mu gice c’uburaruko bw’isi.

Haramaze kuboneka ibisanira vy’uwo mugera bibiri, vyatowe mu Bwongereza no muri Afrika y’Epfo, kandi vyerekanye ko vyandukira cane, kandi bimaze gutera amakenga mu bihugu vya Bulaya.

Ryan yavuze ko igihambaye ari ukwigira kuvyagenze neza n’ibitagenze neza mu gihugu kimwe kimwe mu kurwanya uwo mugera mu buryo bwose bushoboka – mu bushakashatsi, uguhanahana amakuru, ubutegetsi no kurondera uburyo bwo guhuriza hamwe ivyo vyose.

Uwo mutegetsi wa OMS yibutsa ko ibitigiri vy’abanduye kw’isi mu ndwi iheze vyaduze bishika ku miliyoni zitanu, vyiyongereye kubandi hamwe n’ 85 000 wahitanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG