Uko wahagera

Ubumwe bwa Bulaya Bwemeje Urucanco rwa Moderna


Most Significant World Events in 2020
Most Significant World Events in 2020

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya ejo kuwa gatatu ryaratanze uburenganzira bwo gukoresha urucanco rugira kabiri rwa Covid-19, bituma haba icizere ko ibihugu vya Bulaya bigiye kugira agahengwe mu gihe ibitigiri vy’abandura bibandanya vyiyongera.

Urucanco rwakozwe n’ihinguriro ry’imiti Moderna rugiye gukurikira urwakozwe na Pfizer-BioNTech mu gucandaga abanyagihugu b’ibihugu 27 bigize uwo muryango, aho amareta ariko aranebagurwa ko yatebeje kuronsa abanyagihugu incanco.

Iyi nkuru itangajwe mu gihe ico kiza cahitanye ubuzima bw’abantu barenga 15700 kw’isi mu masaha 24.

Reta zunze ubumwe z’Amerika, iza hejuru ku bihugu vyasinzikajwe n’uwo mugera, aha abantu barenga 3 936 bapfuye mu masaha 24 aheze.

Hagati aho, Ubushinwa bwarimye visa intumwa zo ku rwego rwo hejuru za OMS zari ziteguye kuja gutohoza amamuko y’uwo mugera.

Iki kiza mpuzamakungu nta kimenyetso cerekana ko kiriko kiragabanuka, aho abantu barenga umuliyoni 1 n’ibihumbi 800 bamaze gupfa kw’isi mu barenga imiliyoni 86 bamaze kwandura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG