Uko wahagera

ONU: Abadereva 34 b'amakamyo ya PAM Barekuwe muri Etiyopiya


Amakamyo ya PAM atwaye ibifungurwa muri Tigre mu gisagara ca Mai Tsebri, Etiyopiya, kw'itariki ya 26/06/21
Amakamyo ya PAM atwaye ibifungurwa muri Tigre mu gisagara ca Mai Tsebri, Etiyopiya, kw'itariki ya 26/06/21

Ica kabiri c’abashoferi b’igisata ca ONU kijejwe ibifungurwa, PAM, bafashwe mu ndwi iheze mu buraruko bwa Etiyopiya barekuwe, nkuko vyavuzwe n’umuvugizi wa ONU kuri uyu wa mbere.

Farhan Haq, avugira ONU, yabwiye abamenyeshamakuru aho yari ku cicaro i New York ko ariko abandi bakozi 10 ba ONU bahagaritswe ku musi wa gatanu batararekurwa.

Ariko avuga kandi ko abashoferi 34 ba PAM ari bo barekuwe mu gihe abandi 36 bagifunzwe.

Abo bantu bahagaritswe inyuma y’aho reta y’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed atangarije ibihe bidasanzwe mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kumwe, igihe abarobeli bagabisha ko bariko begereza umurwa mukuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG