Uko wahagera

Etiyopiya Yapfunze Abadereva ba ONU Barenga 70


Abategetsi ba Etiyopiya bapfunze abadereva bakorera ishirahamwe mpuzamakungu ONU barenga 70. Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu yatangaje iyo nkuru avuga ko amakungu afise impungenge zikomeye ku makuru avuga ko abantu bo mu bwoko bw’Abatigreya bariko bahagarikwa ikivunga mu gihe ingwano mu buraruko bwa Etiyopiya itera ikomera kurushiriza.

Umuvugizi wa reta, Legesse Tulu, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Dina Mufti, ntaco bishuye kuri ayo makuru y’ipfungwa ry’abo badereva. Ku musi wa kabiri, ishirahamwe ONU ryariyamirije ipfungwa ry’abakozi baryo b’abanyetiyopiya 16 n’imiryango yabo ku murwa mukuru, Addis Abeba. Ishirahamwe ONU ntiryamenyesheje ubwoko bwabo.

Umuyobozi w’urwego rujejwe agateka ka muntu rwashizweho na reta rwaratangaje ku musi wa kabiri ko rwaronse amakuru avuga ko Abatigrinya amajana n’amajana bahagaritswe ku murwa mukuru, Addis Abeba. Abageze mu zabukuru n’abavyeyi bafise abana bari mu batawe mu mvuto.

Umuvugizi w’igipolisi ku murwa mukuru, Addis Abeba yaratangaje ku musi wa kabiri ko guhagarika abantu, bidafatiye ku bwoko. Yavuze ko abariko batabwa mu mvuto, ari abarenze ku mategeko bonyene.

Umuvugizi w’umuhari TPLF, Gatechew Reda, yatangaje uno musi ku wa gatatu ko amategeko yo mu bihe bidasanzwe yashizweho na reta ari uburyo bwo guhagarika Abatigrinya ikivunga. Amenyesha ko abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko barahagarikwa kubera ubwoko bwabo. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG