Uko wahagera

Pakistani Izokwakira Ibiganiro Mpuzamakungu kuri Afuganistani


Intumwa z'Abatalibani mu biganiro i Moscou, mu Burusiya, kw'itariki 20/10/2021.
Intumwa z'Abatalibani mu biganiro i Moscou, mu Burusiya, kw'itariki 20/10/2021.

Pakistani izokwakira inama izoba irimwo Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubushinwa n’Uburusiya muri iyi ndwi, inama itumbereye kuganira kuri Afuganistani. Abategetsi ba Pakistani bemereye Ijwi ry’Amerika ko Amir Khan Muttaqi, umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu muri Afuganistani na we yatumiwe muri iyo nama itegekanijwe ku musi wa kane.

Intumwa nshasha ya Amerika muri Afuganistani, Thomas West, hamwe na bagenzi we b’Uburusiya, Ubushinwa na Pakistani bazoba barongoye intumwa zabo muri ivyo biganiro. Abo bategetsi vyitezwe ko batera akamo reta y’abatalibani ko gusangira ubutegetsi n’abandi hamwe no gukingira uburenganzira bw’abanyefuganistani bose, harimwo n’abakenyezi n’inkehwa.

Amakungu yarirengagije akamo k’Abatalibani basaba ko reta yabo yemerwa n’amakungu, inyuma y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu hamwe no gukumira abandi mu burongozi bw’igihugu.

Ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyarahagaritse imfashanyo z’amamiriyaridi y’amadolari yahora afashishwa Afuganistani, vyongera bihagarika Abatalibani gutwara imitungo Afuganistani ifitiye mu makungu iharurwa hafi mu miriyaridi 10 z’amadolari, ahanini iri muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG