Uko wahagera

Uwundi 1 Yishwe, 80 Barakomereka mu Myiyerekano muri Eswatini


Abanyagihugu mu myiyerekano iharanira demokarasi
Abanyagihugu mu myiyerekano iharanira demokarasi

Uwundi muntu umwe yapfuye abandi bashika 80 barakomereka mu myiyerekano y’abaharanira demokarasi mu bwami bwa Eswatini buzwi nka Swazilande, kuri uyu wa gatatu.

Sendika y’abakozi ba reta, NAPSAWU, yavuze ko umugabo umwe yarashwe mu mutwenzi w’agatondo aca arasandaba. Umukuru w’iyo sendika, Oscar Nkambule, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP, ko igisirikare n’igiporisi ari vyo vyamwishe.

Abanywanyi 50 b’iyo sendika batwawe kuvurirwa mu bitaro ku murwa mukuru Mbabane, abandi 30 batwarwa mu bitaro vyo mu gisagara Manzini, barimwo abafise ibikomere vy’amasasu.

Ubwo bwami bwaciye interinet ubugira kandi, igihe amasanamu y’ivyariko biraba yari atanguye guhererekanywa ku mbuga ngurukana makuru.

Perezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, asanzwe arongoye igisata c’umutekano mw’ishirahamwe SADC ry’ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika, yarungitse intumwa zo ku rwego rwo hejuru muri Eswatini mu biganiro n’umwami kuri uyu wa kane ku muhingamo.

Kugeza ubu, abantu 29 ni bo bamaze gupfa uyu mwaka mu mishamirano hagati y’igiporisi n’abakora imyiyerekano muri Eswatini. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG