Uko wahagera

Imyiyerekano y'Abaharanira Demokarasi Yasubiye Kuba muri Eswatini


Abakoze Imyiyerekano muri Eswatini
Abakoze Imyiyerekano muri Eswatini

Abaharanira demokrasi muri Eswatini basubiye gukora imyiyerekano. Iyo myiyerekano ibaye amezi atari make inyuma yuko abategetsi bashigikiye umwami atwaza agahotoro muri ico gihugu, Mswati III akandamije abari mu myiyerekano yari yabaye imbere yaho hakoreshejwe imyuka ibabaza mu maso n’imiringoti y’amazi.

Abateguye iyo myiyerekano bavuga ko umwami Mswati III, afise imyaka 53 muri iki gihe, yagumye yihoza akamo yatewe k’uguhindura ibintu mu gihugu. Ariyamiriza ivyo yagirizwa vy’uko atwaza agahotoro kandi akoresha amafranga ya reta ku nyungu ziwe bwite mu gihugu kirangwa n’ubukene. Mu kwezi kw’indwi, yavuze ko imyiyerekano y’ukwiyamiriza intwaro yiwe igayitse cane kandi isubiza igihugu inyuma.

Imyiyerekano muri iyi ndwi irimwo iriyiko igirwa n’abanyeshule mu mashule basemerera amajambo asaba ko Mswati ava ku butegetsi, akongera akarekura abashingamateka 2 bahagaritswe mu yindi myiyerekano yabaye muri uyu mwaka. Yamara icegera c’umushikiranganji wa mbere, Themba Masuku, yaragabishije abanyeshule kwitondera abantu babakoresha ku nyungu zabo za politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG