Uko wahagera

Perezida Ramaphosa Yiyemeje Kurwanya Iterabwoba muri Mozambike


Perezida wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa (iburyo) na perezida wa Mozambike, Filipe Nyusi (Ibubamfu) mu kwibuka imyaka 35 Samora Machel apfuye
Perezida wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa (iburyo) na perezida wa Mozambike, Filipe Nyusi (Ibubamfu) mu kwibuka imyaka 35 Samora Machel apfuye

Perezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, kuri uyu wa kabiri yiyemeje guhangana n’intagondwa z’abayisilamiste bahungabanya umutekano mu buraruko bwa Mozambike no mu karere. Hari mu birori vyo kwibuka imyaka 35 iheze perezida wa mbere wa Mozambike, Samora Machel apfuye.

Ramaphosa na perezida wa Mozambike, Filipe Nyusi, bari aho indege uwo muhisi, Machel yarimwo igihe igira isanganya atashe avuye mu nama muri Zambiya itariki ya 19 mu kwezi kwa cumi, umwaka w’1986.

Perezida Ramaphosa avuga ko abanyagihugu ba Afrika y’Epfo biyemeje kwifatanya n’aba Mozambike mu gufasha gusubiza inyuma no kurwanya abakora iterabwoba babiba intambara, umutekano muke n’ubwicanyi. Yiyemeje ko bazokora uko bashoboye kugira Mozambike irangwemwo amahoro.

Ishirahamwe ry’ibihugu 16 vyo mu bumanuko bwa Afrika, SADC, ryararungitse abasirikare mu buraruko bwa Mozambike kuva mu kwezi kw’indwi.

Iyo ntambara imaze guhitana abantu barenga 3300 kuva igitangura mu 2017, kandi imaze gukura mu ngo abantu hafi 800.000. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG