Uko wahagera

Prezida wa Mozambike Avuga ko Abarwanyi Ataho Bagisaganyiriza


Prezida w'u Rwanda Paul Kagame na mugenzii wiwe wa Mozambike Nyusi mu rugendo Kagame aheruka gukorera muri Mozambike
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame na mugenzii wiwe wa Mozambike Nyusi mu rugendo Kagame aheruka gukorera muri Mozambike

Prezida wa Mozambike yateye akamo abafashe ibigwanisho kabasaba kubishira hasi inyuma y’aho umukuru wabo yiciwe. Prezida Filipe Nyusi yateye ako kamo abarwanyi ba Kiyislamu bafise icicaro mu buraruko bw’igihugu uyu musi ku wa mbere.

Yavuze ko ataho bagisaganiriza inyuma y’aho abasirikare ba Mozambike bakorana n’abasirikare b’u Rwanda n’ab’ishirahamwe ry’ibihugu byo muri Afrika y’ubumanuko (SADC) babomoreye ku butaka bahoramwo.

Nyusi ashikirije ayo majambo ku musi wahariwe amahoro n’ugusubiza hamwe, umusi umwe inyuma y’aho inteko zo mu bihugu vyo muri Afrika yo mu bumanuko zitangarije ko zishe umutegetsi mukuru arongoye uyo murwi hamwe n’abandi barwanyi 18, mu gitero cabaye kw’igenerekerezo rya 25 ry’ukwezi kw’icenda.

Awadhi Ndanjile, umukuru w’idini yari ajejwe kwinjiza abarwanyi muri uyo murwi witwa Ahlu Sunnah Wal Jama’s n’ukubaha inyigisho zawo. Yiciwe mw’ikampi y’abo barwanyi iri muri gisagara ca Nangade, mu ntara ya Cabo Delgado.

Ibice bitari bike vy’igihugu ca Mozambike vyari vyafashwe n’abo barwanyi mu mwaka urenga uheze, birimwo igisagara ca Mocimboa da Praia, vyarasubijwe mu minwe ya reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG