Uko wahagera

Intumwa ya Amerika kuri Afuganistani Yatanze Imihoho


Zalmay Khalilzad, Intumwa idasanzwe ya Amerika mu guhuza abanyefuganistani
Zalmay Khalilzad, Intumwa idasanzwe ya Amerika mu guhuza abanyefuganistani

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu biganiro hagati ya Amerika n’Abatalibani, Zalmay Khalilzad, yatanze imihoho kuri uyu wa mbere. Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, yabitangaje kuri uyu wa mbere, yongera avuga ko icegera ciwe, Thomas West, ari we aca amusubirira. Icatumye atanga imihoho nticashizwe ahabona.

Zalmay Khalilzad, w’imyaka 70 yarabaye ambasaderi wa Amerika i Kabul, i Baghdad no muri ONU. Yagomwe na perezida Donald Trump kurongora ibiganiro n’Abatalibani. Ivyo biganiro vyashitse ku mwumvikano mu kwezi kwa kabiri 2020, wo gukura abasirikare ba Amerika muri Afuganistani.

Ariko ibiganiro vy’amahoro hagati y’Abatalibani n’ubutegetsi bwa Afuganistani ntivyashitse ku mwumvikano wo gushinga reta y’ubumwe. Vyagiye kurangizwa n’igihe perezida Ashraf Ghani ahungiye igihugu igihe Abatalibani binjiriye I Kabul.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG