Uko wahagera

Laurent Gbagbo Yashinze Umugambwe Mushasha muri Cote d'Ivoire


Uwahoze ari perezida wa Cote d'Ivoire, Laurent Gbagbo
Uwahoze ari perezida wa Cote d'Ivoire, Laurent Gbagbo

Uwigeze kuba perezida wa Cote d’Ivuware, Laurent Gbagbo, kuri uyu w’Imana yashinze ku mugaragaro umugambwe mushasha wa poritike, yizigiye ko uzomusubiza ku ntebe y’umukuru w’igihugu mu matora yo mu 2025.

Gbagbo, avuga ko umugambwe wiwe, Congres du Peuple Africain, utumbereye kwunga Afrika ikaba umuryango umwe kuko ngo niho izokomera nkuko vyagaragaye mu nani zabaye mu Bushinwa, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, mu Burusiya na Canada.

Uru rubanza rwari rwatewe iteka n’intumwa zaserukiye imirwi ya poritike iva mu bihugu birenga cumi vya Afrika.

Gbagbo w’imyaka 76, yatwaye Cote d’Ivuware kuva mu 2000 gushika 2011, imbere yuko akurwa ku butegetsi mu kwezi kwa kane 2011, inyuma y’intambara hagati y’abenegihugu yahitanye abantu 3 000. Hari inyuma y’aho yankiye kwemera ko yatsinzwe na perezida w’iki gihe, Alassane Ouattara.

Gbagbo yaciye atwarwa kuburanishwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye mu Buholande yagirizwa ivyaha ku kiremwa muntu, ariko mu nyuma yaciye yezwa. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG