Uko wahagera

Laurent Gbagbo Yatahutse muri Cote d'Ivoire Inyuma yo Kwezwa na CPI


Imiduga iherekeje Gbagbo ihagurutse iva ku kibuga c'indege i Abidjan, kw'itariki ya 17/06/2021
Imiduga iherekeje Gbagbo ihagurutse iva ku kibuga c'indege i Abidjan, kw'itariki ya 17/06/2021

Uwahoze ari perezida wa Cote d’Ivoire, Laurent Gbagbo yatahutse mu gihugu c’amavuko kuri uyu wa kane, inyuma y’aho yejerejwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, inyuma kandi y’imyaka hafi 10 yaravuye mu gihugu.

Gbagbo yavuye mu gihugu mu 2011, inyuma y’aho yankiye kwemera ko yatsinzwe mu matora, ivyaciye bitera intambara mu gihugu bituma ahagarikwa.

Ariko inyuma y’aho Gbagbo atangarijwe ko yejejwe na CPI ku vyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu, perezida w’iki gihe, Alassane Ouattara, yarashimye ko atahuka kugira habe ubwiyunge mu gihugu. Itahuka rya Gbagbo w’imyaka 76 ribonwa nk’urufunguruzo rw’umutekano muri Cote d’Ivoire.

Gbagbo yatahutse avuye i Buruseli mu Bubirigi, aho yaba kuva yejejwe na CPI mu 2019.

Perezida Ouattara, w’imyaka 79, yarafashije mw’itahuka ryiwe, mu kumuronsa paseporo y’abadiplomate, amwemerera kandi no kuzomuha ibihabwa abahoze ari abaperezida n’icubahiro kimukwiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG