Uko wahagera

Abashika 13 Barishwe mu Mishamirano Hagati y'Amoko muri RDC


Abantu 13 barapfuye mu mishamirano y’amoko yamaze iminsi itatu mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo. Abatari bake barakomeretse, amazu arenga 50 araturirwa gushika ku mushinge. Abategetsi babivuze kuri uyu wa kane.

Amoko adacana uwaka y’aba Lingotebe n’aba Kungu yaratemanye n’imipanga kuva kuwa mbere gushika kuwa gatatu muri Teritware ya Kungu, nkuko vyavuzwe na Jean-Pierre Elongo ayirongoye. Elongo avuga ko ayo moko ari muri iyo mishamirano yo gupfa ubutaka kuva mu mwaka w’1982.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG