Uko wahagera

Amerika Yatanze Imfashanyo zo Kugarukira ku Banyagihugu muri Tigre


Abanyagihugu bo mu gisagara ca Agula muri Tigre bariko bahabwa imfashanyo, kw'itariki ya 8/05/2021.
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Agula muri Tigre bariko bahabwa imfashanyo, kw'itariki ya 8/05/2021.

Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa gatatu yavuze ko yahaye Etiyopiya iyindi mfashanyo y’imiriyoni 26 z’amadolari yo gufasha mu bibazo vy’ubukene bwugarije uburaruko bw’igihugu.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Anthony Blinken, yavuze ko iyi mfashanyo izocishwa mu mashirahamwe atanga imfashanyo afasha abantu bari hagati y’imiliyoni zitandatu n’indwi mu bubaruko. Barimwo n’abashika 900.000 bahanzwe n’inzara hamwe n’impunzi zirenga 48.000 zahungiye muri Sudani.

Blinken yavuze ko abanyagihugu mu buraruko bwa Etiyopiya bazobandanya kwugarizwa n’ubukene mu gihe hatoboneka inyishu ya politike. Yasavye kandi ko amashirahamwe atanga imfashanyo n’abakozi bayo bongera bakoroherezwa gukorera muri Tigre. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko amakamyo make atwaye imfashanyo ariko yerekeza muri ako akarere.

Abategetsi muri Tigre hamwe n’aba reta ya Etiyopiya bakunze kwagirizanya ko inteko za bamwe n’abandi zugara amabarabara kugira amakamyo y’imfashanyo ntashike mu bice bikenewe gufashwa.

Mu ndwi iheze, Etiyopiya yarirukanye abategetsi indwi ba ONU bakora mu gisata c’imfashanyo. Yabagirije kwivanga muvy’igihugu no kunyuruza imfashanyo bakazirungikira umuhari TPLF. Ariko ivyo ONU yarabihakanye.

Blinken yavuze ko Amerika imaze gutanga imiriyoni 663 z’amadolari zo gufasha uburaruko bwa Etiyopiya kuva aho izo ntambara zitanguriye. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG