Uko wahagera

Abatalibani Buguruye Ikibuga c'i Kabul ku Ndege z'Urudandaza


Ingenzi ziva mu ndege yo muri Irani ku kibuga c'indege i Kabul kw'itariki 15/09/2021
Ingenzi ziva mu ndege yo muri Irani ku kibuga c'indege i Kabul kw'itariki 15/09/2021

Reta y’Abatalibani muri Afuganistani kuri uyu w’Imana yasavye ikompanyi z’indege z’abanyamahanga zunguruza abantu n'ibintu gusubira kugira ingendo zija canke ziva i Kabul. Bavuga ko ingorane zari kuri ico kibuga co ku murwa mukuru zatorewe inyishu kandi ko ico kibuga gikora neza ukuri kwamye.

Abatalibani basubiye ku butegetsi hagati mu kwezi kwa munani inyuma y’aho reta ya Afuganistani yari ifashwe mu mugongo n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ihungiye. Ni inyuma y’aho kandi inteko mvamakungu zikuriyeyo akarenge inyuma y’imyaka hafi 20 zari zimazeyo mu ntambara.

Ikibuga mpuzamakungu c’i Kabul cari cugaye ku ndege zikora urudangaza kuko hari ibikorwa vyihuta vyo guhungisha abanyamahanga hamwe n’Abanyefuganistani batinya ko bazobangamirwa n’ubutegetsi bw’Abatalibani. Ico kibuga cari carononekaye mu gihe co guhungisha abantu.

Gushika ubu ntakiravugwa kuri iri tangazo ry’Abatalibani ryo kurekurira indege z’urudandaza zigasubira gukoresha ico kibuga c’indege c’i Kabul. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG