Uko wahagera

Qatar mu Gufasha Gusubira Kwugurura Ikibuga c'Indege c'i Kabul


Indege y'ubudandaji ku kibuga c'indege mpuzamakungu Hamid Karzai, haheze imisi Inteko za Amerika zitahutse.
Indege y'ubudandaji ku kibuga c'indege mpuzamakungu Hamid Karzai, haheze imisi Inteko za Amerika zitahutse.

Umushikiranganji wa Qatar ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yavuze kuri uyu wa gatatu ko utwigoro dushoboka turiko turakorwa kugira ikibuga c’indege c’i Kabul muri Afuganistani gisubire gukora ukuri kwamye. Ariko yirinze kuvuga ryari indege zizosubira gutangura kugikoresha.

Umurwi w’abahinga bava muri Qatar na Turukiya bashitse i Kabul ejo kuwa gatatu gufasha kwongera kwugurura ico kibuga c’indege. Abagikeneye kuva mu gihugu nico bahanzeko amaso, ndetse n’abatanga imfashanyo z’abagiraneza.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Qatar, Sheikh Mohammed bin Abdulrahman al-Thani, yavuze kandi ko Abatalibani bakwiye kwerekana ko bafise umutima wo gutanga inzira ku bahunga hamwe n’ubwisanzure ku banyafuganistani.

Qatar ifitaniye imigenderanire ya hafi n’Abatalibani kandi yagize uruhara runini mu twigoro twa Reta zunze ubumwe za Amerika two guhungisha ibihumbi vy’abantu bava muri Afuganistani.

Hasigaye kumenyekana nimba hari indege z’ubudandaji zizokorera i Kabul igihe ikibuga c’indege kizosubira gukora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG