Uko wahagera

Gineya: Abasirikare Bazazaniwe n'Ico Bokoza Alpha Conde


Isanamu ya Perezida Alpha Conde inyuma yo gufatwa n'abakoze kudeta i Conakry, kw'itariki ya 5/09/2021
Isanamu ya Perezida Alpha Conde inyuma yo gufatwa n'abakoze kudeta i Conakry, kw'itariki ya 5/09/2021

Abasirikare bafashe ubutegetsi muri Gineya bazazaniwe n’ico bokoza Perezida Alpha Conde baheruka gukura ku butegetsi. Ntibarahitamwo nimba bomugumya, bakirengagiza akamo baterwa n’amakungu ko kumuha umwidegemvyo canke nimba bomurekura, aho naho bagatinya ko ashobora kurondera kwihora.

Abo basirikare baremeye kuzomucungerera umutekano, ariko ico bamutegekaniriza ntikizwi.

Abanyeporitike batavuga rumwe n’uwo yahoze ari perezida, basa n’abashaka ko aguma mu minwe y'igisirikare, bafise ubwoba ko afitaniye ubucuti bukomeye na bamwe mu bategetsi ba Afrika. Abdoulaye Oumou Sow, avugira urunani FNDC rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, avuga ko Alpha Conde akwiye kuguma mu minwe y’abasirikare, kumvo z’umutekano.

Nawe Cellou Dalein Diallo, yigeze kuba umushikiranganji wa mbere, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ko kurekura Conde bishobora gukwega akarambaraye mu gihugu.

Umutegetsi yegereye intumwa za CEDEAO ziheruka mu rugendo muri ico gihugu yavuze ko Conde aguma yemanga ko akiri perezida kandi avuga ko abwirizwa gusubizwa mu mabanga.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG