Uko wahagera

Nijeriya: Abanyeshure 5 Mubanyurujwe Babohojwe


Ikarata ya Nijeriya yerekana reta ya Zamfara, mu buraruko bushira bushira uburengero bw'igihugu.
Ikarata ya Nijeriya yerekana reta ya Zamfara, mu buraruko bushira bushira uburengero bw'igihugu.

Abajejwe umutekano muri Nijeriya babohoje kuri uyu wa kane abakobwa batanu mu banyeshure 73 banyurujwe kuwa gatatu bakuwe kw’ishure ryisumbuye, mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. Igiporisi cabitangaje kuri uyu wa kane.

Abagabo bitwaje inkoho barateye ishure ryisumbuye mu gisagara Kaya muri reta ya Zamfara ku musi wa gatatu. Ni abandi banyeshure banyurujwe kivunga ari benshi muri Nijeriya.

Kunyuruza abanyeshure babivyaza amafaranga vyabaye umugenzo mu buraruko bwa Nijeriya no hagati, aho abanyeshure bashika ku 1 000 bamaze kunyuruzwa uyu mwaka, ariko benshi muri bo baramaze kubohozwa.

Umuvugizi w’igiporisi muri reta ya Zamfara, Mohammed Shehu, yavuze ko ivyo bikorwa vyo kubabohoza abo bana vyakozwe mu runani, ariko ntaco yavuze nimba hari amafaranga yabanje gutangwa nkuko igiporisi ca Nijeriya kidakunze gutanga amakuru nk'ayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG