Abagabo bitwaje inkoho banyuruje abanyeshure 73 muri Nijeriya kuri uyu wa gatatu babakuye kw’ishure ryisumbuye riri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. Kibaye igitero mu rukurikirane rw’ibindi vyo kunyuruza abanyeshure benshi bihitiye muri Nijeriya.
Ukunyuruza abanyeshure mu ntumbero yo kubivyaza amafaranga vyabaye nk’akaranda mu buraruko bushira uburengero no hagati muri Nijeriya. Abanyeshure hafi 1000 baramaze kunyuruzwa uyu mwaka. Ariko benshi muri bo baramaze kurekurwa.
Igiporisi cavuze ko abo banyeshure banyurujwe bari kw’ishure ryo mu gisagara Kaya kiri mu ntara ya Maradun, muri reta ya Zamfara mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu.
Umuvugizi w’igiporisi, Mohammed Shehu yavuze ko bariko barakorana n’igisirikare kugira barabe ko bobabohoza.
Perezida Muhammadu Buhari, yahoze ari umusirikare, araremerewe n’abamunegura ko yananiwe kugarukana umutekano. Igisirikare cama mu rugamba rwo kugerageza guhasha abo basuma, ariko ibitero vyabo no kunyuruza abana ntibihagarara. (AFP)
Facebook Forum