Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yongeye kwisigura ashimangira ingingo yiwe yo kurangiza imyaka 20 Amerika yari imaze muri Afuganistani. Yavuze ko atari kwongereza iyindi myaka mu ntambara kandi atari kwongereza iyindi misi ku musi ntarengwa wo gutaha. Hari mw’ijambo yashikirije abanyamerika n’amakungu kuri uyu wa kabiri, inyuma yo kuvana abasirikare bose muri Afuganistani.
Kubijanye no guhungisha abanyamerika n’abanyafuganistani, Perezida Biden yavuze ko bwabaye ubwa mbere indege zihungisha mu mutekano abantu bangana 120 000 kandi ata kindi gihugu kirakora ikintu nk’ico.
Ingingo ntabanduka yiwe yo kuvana abasirikare muri Afuganistani ntiyakiriwe neza n’abanyeporitike batavuga rumwe nawe ndetse n’ibihugu bimwe bicuditse na Amerika.
Itahuka rya Amerika ryabaye hasigaye imisi mike ngo Amerika yibuke imyaka 20 iheze habaye igitero c’iterabwoba kw’itariki 11 y’ukwezi kw’icenda, 2001 ku butaka bwa Amerika. Iki gitero nico catumye Amerika irungika abasirikare muri Afuganistani guhasha umuhari w’iterabwoba al-Qaida n’indongozi yawo, Osama Bin Laden.
Iri tahuka rirangiranye n’ibikorwa vya kidipolomasiya vya Amerika i Kabul, ariko Amerika ivuga ko izobandanya ifasha abipfuza kuva muri Afuganistani. Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, ku musi wa mbere yavuze ko ambasade y’i Kabul ishobora kuzosubira kwugurura, bivanye n’ingene abatalibani bazokwigenza, hamwe n’uko umutekano uzoba umeze. (VOA)
Facebook Forum