Uko wahagera

Amakungu Yoba Yiteguye Kugabangana Impunzi z'Abanyefuganistani?


Impunzi z'abanyefuganistani ku rubibe na Irani
Impunzi z'abanyefuganistani ku rubibe na Irani

Ibihugu vyo mu burengero bw’isi bisa n’ibitariko birugururira amarembo impunzi z’abanyefuganistani ziriko zirahunga igihugu hamwe n’izishwiragiye mu gihugu hagati. Ni inyuma y’aho Abatalibani bafatiye ubutegetsi mu buryo bwihuse amakungu atari yiteze.

Canada yavuze ko ishobora kuzokwakira abanyefuganistani barenga 20 000 babangamiwe n’Abatalibani ariko nta kirangamisi co kubatwara catanzwe.

Reta y’Ubwongereza yatangaje ku musi wa kabiri ko izokwakira 5000 uyu mwaka, ku buryo mu myaka itanu bazoshikana ku 20 000. Ubwongereza buvuga ko abo bazoba bagizwe n’abafashije gusobanura indimi bakorana n’inteko z’ico gihugu.

Reta zunze ubumwe za Amerika yo ivuga ko mu nteguro yayo yongereje 8000 kubo yahora yakira, ibiciye bishikana ku 34 500 buri mwaka. Ariko ababikurikiraniro hafi bavuga ko iyi program itihutishwa.

Mu karere Afuganistani iherereyemwo, Pakistani iriko irakomeza impome ku rubibe ihana na Afuganistani. Mu kwezi kw’indwi yavuze ko ata zindi mpunzi z’abanyefuganistai izisubira kwakira. Gushika ubu, Pakistan ihaye indaro impunzi zingana umuriyoni 1 n’ibihumbi 400, nkuko bivugwa na HCR.

Ni mu gihe abanyafuganistani barenga umuriyoni bahungiye mu gihugu hagati mu 2021, n’imbere yuko Amerika itangaza ko izotahukana abasirikare bayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG