Uko wahagera

Amakungu Abandanya Kuvana Abanyagihugu Bayo muri Afuganistani


ikibuga c'Indege ca Kabul
ikibuga c'Indege ca Kabul

Ibihugu vvo mu burengero bw'isi biriko birongereza igikorwa c'ugukura abanyafuganistani n'abanyagihugu bavyo muri Afganistani inyuma yuko abatalibani bafashe ubutegetsi muri ico gihugu.

Inyuma yuko ingendo n’indege zihagaze ku musi wa mbere, igikorwa c’ugukura abanyamahanga n’abanyafuganistani muri Afganistani cabandanije uno musi ku wa gatatu.

Reta zunze ubumwe za Amerika zimenyesha ko zishaka kwongereza igitigiri c’abantu ziriko zikura n’indege muri Afganistani uko umusi utashe mu gushika ku bari hagati y’i 5,000 n’i 9,000.

Umutegetsi wo mu biro vya prezida, Maison Blanche, yatangaje ko gushika mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kabiri, Amerika yari imaze gukura muri Afganistani abantu barenga 3,200.

Mur’ico gihe, Ubwongereza na Reta zunze ubumwe za Amerika vyatangaje ko bizokorana n’ibindi bihugu kugira bifatire hamwe imigambi ku bijanye na Afganistani. Ku bijanye n’ivyo abatalibani bemeye ku kugene bazokora, ivyo bihugu vyompi bimenyesha ko kubishira mu ngiro arivyo bazorabirwako.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson yabwiye inama nshingamateka y’igihugu ciwe uno musi ku wa gatatu ko bazobarabira ku ngingo bazofata, ku nyifato yabo ku bijanye n’iterabwoba, ubugizi bwa nabi n’ibiyayuramutwe hamwe n’ukwubahiriza uburenganzira bw’abigeme bw’ugushobora kuja mu mashule.

Yaravuganye kw’itelefone na Prezida wa Amerika Joe Biden ku musi wa kabiri. Ibiro vya Prezida Biden vyatangaje ko abo bategetsi bompi baganiye igikorwa nkenerwa c’ukubandanya gukorera hamwe n’ibihugu bicuditse ku migambi yerekeye Afganistani, harimwo guha infashanyo abanyagihugu, impunzi n’abandi banyafuganistani bari mu bibazo. Bumvikanye ko bazogirisha inama mu ndwi iza y’umurwi G-7 w’ibihugu bikomeye kurusha ibindi mu vyerekeye ubutunzi kw’isi kugira baganire ku kugene ibintu vyifashe muri Afganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG