Afrika y’Epfo igiye kuzorungika abasirikare hafi 1 500 muri Mozambike, gufasha ico gihugu kibanyi kurwanya abajihadiste mu ntara ya Cabo Delgado irwiriyemwo umwuka wa Gaze.
Mw’ijambo yashikirije kuri uyu wa gatatu, inama nshingamateka ya Afrika y’epfo yavuze ko Perezida Cyril Ramaphosa yatanze uburenganzira bwo kurungikayo abasirikare 1 495 bazoja kurwanya ibikorwa vy’iterabwoba.
Ibitero vyariyongereye mu buraruko bwa Mozambike mu mwaka uheze, ivyateye ubwoba ko bishobora gutandukira no mu bihugu bibanyi.
Ivyo bikorwa vya gisirikare Afrika y’epfo izomaramwo amezi atatu, biri mu masezerano yasinywe mu kwezi kwa gatandatu n’ibihugu 16 bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu maj’epfo ya Afrika, SADC.
Afrika y’Epfo ihambije Botswana yarungitseyo abasirikare bayo ku musi wa mbere, hamwe n’u Rwanda rwarungitse inteko 1 000 mu ntango z’uku kwezi. (AFP)
Facebook Forum