Inteko za reta mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo, kuri uyu wa gatatu zavuze ko zasambuye amakambi atanu abarobeli b’umuhari w’iterabwoba wa ADF wahora winyegezamwo.
Umuvugizi wa gisirikare, Liyetena Jules Ngongo yavuze ko ayo makambi atanu yatewe hifashishijwe kajugujugu ari yo abo barwanyi bahungiramwo bahejeje gutera abasivile mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.
Umukozi wo mu mashirahamwe atanga imfashanyo muri iyo ntara yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko igisirikare cagavye ibitero vy’indege kuri ayo makambi ku misi ya kabiri n’uwa gatatu.
Ariko umwe mu bategetsi muri ako karere, Dieudonne Malangay, yavuze ko naho ivyo bitero vyabaye nticabujije ko abarwangi ba ADF bica abasivile bane bongera baraturira amazu indwi.
Perezida Felix Tshisekedi, kw’itariki ya 6 y’ukwezi kwa gatanu, yashize intara za Ituri na Kivu y’uburaruko mu minwe y’ubutegetsi bwa gisirikare, aca asubiriza abatagetsi b’abasivile n’abakomanda b’abasirikare. Ni mu ntumbero yo kurangiza ibitero vya ADF ku basivile. (AFP)
Facebook Forum