Uko wahagera

Biden: Umubonano na Putin Wabaye Mwiza Kiretse Ibidahurizwako


Perezida Joe Biden mu kiganiro n'abamenyeshamakuru inyuma y'umubonano na Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, kw'itariki ya 16/06/2021, i Geneve, mu Busuwisi.
Perezida Joe Biden mu kiganiro n'abamenyeshamakuru inyuma y'umubonano na Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, kw'itariki ya 16/06/2021, i Geneve, mu Busuwisi.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika na mugenzi we w’Uburusiya Vladimir Putin barabonanye ejo kuwa kabiri bahuriye i Geneve, umubonano Perezida Biden yise ko wabaye mwiza kandi w’ingirakamaro. Ariko yavuze ko amezi agiye kuzokurikira azoba nk’igipimo kizokwerekana nimba imigenderanire hagati y’ivyo bihugu izoba myiza.

Inyuma y’umubonano wamaze amasaha arenga atatu, Perezida Biden yabwiye abamenyeshamakuru ko ibintu bitagiye guca bihinduka bukwi na bukwi.

Perezida Putin, nawe yabwiye abamenyeshmakuru ko uwo mubonano wabaye “Uwubaka”. Yavuze ko ata rwanko rwawugaragayemwo, kandi yavuze ko Perezida Biden ari umuntu yubaka, afise uburambe mu bumenyi, kandi ari umunyeporitike abushitse.

Inyuma y’uwo mubonano ibiro vy’abo bakuru b’ibihugu bibiri vyasohoye amatangazo avuga bimwe, ko ayo mareta yemeye kuzoca atangura ibiganiro vyo kunagura imigenderanire.

Perezida Biden ariko yavuze ko habaye ukutumvikana ku bibazo bimwe, ariko ko bitabaye mu kwerekana ishavu. Yavuze ko ibitumvikanyweko birimwo ikibazo ca Ukraine, ibitero ku buhinga bwa tekinolojiya, cyberattack, hamwe n’ivy’agateka ka muntu.

Perezida Biden yagabishije Uburusiya ku bindi bitero vyokorwa, Amerika izoca yishura. Ariko Perezida Putin, inyuma y’uwo mubonano yabwiye abamenyeshmakuru ko ivyo yagirizwa vyo guhungabanya agateka ka muntu no guha indaro abagaba ibitero vyo mu rwego rwo guhungabanya ibikorwa vya tekinolojiya, vyari bikwiye kwagirizwa Amerika. Yavuze ko ibitero vyinshi vyo muri ubwo bwoko bikorwa kw’isi, vyagirizwa Amerika.

Imigenderanire ya kidipolomasiya hagati y’Uburusiya na Amerika yasubiye ku rugero rwo hasi cane kuva Perezida Biden ashikiye ku butegetsi mu kwezi kwa mbere. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG