Uko wahagera

Ibiganiro Hagati ya ba Perezida Biden na Putin Birangiye i Geneve


Prezida Joe Biden na Vladimir Putin basuhuzanya mbere y'ibiganiro i Geneve mu Busuwisi tariki ya 16/6/2021.(AP)
Prezida Joe Biden na Vladimir Putin basuhuzanya mbere y'ibiganiro i Geneve mu Busuwisi tariki ya 16/6/2021.(AP)

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden na prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin barangije ibiganiro bagiranye uno musi ku wa gatatu, i Geneve mu Buswise.

Iyo nkuru itangazwa n’ibiro vya Prezida Biden, “Maison Blanche”. Ivyo biganiro vyarangiye ningonga cane kurusha uko vyari vyitezwe.

Abo bategetsi babiri batangaje ko bari biteze, imbere yuko bahura, kugirana ibiganiro mu kiringo kiri hagati y’amasaha ane n’atanu. Yamara bamaranye ikiringo kiri musi y’amasaha atatu.

Ibiganiro hagati y’abo bategetsi babiri bibaye mu gihe bamenyesha ko imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo yifashe nabi cane. Prezida Biden yavuze ko ari ibiganiro hagati y’ibihugu bibiri vy’ibihangange. Akaba yamenyesheje kubonana amaso mu yandi biruta cane kuvugana bari kure na kure.

Abo bategetsi 2 baramukanije. Prezida Biden ni we yatanze ukuboko ubwa imbere yuko ibiganiro bitangura hagati yabo igihe baseruka bari hamwe na prezida w’Ubuswise, Guy Parmelin, yabakiye mu gihugu ciwe mu biganiro hagati yabo. Ibiganiro hagati y’abo bategetsi 2, vyari vyerekeye ibibazo bitandukanye, vyabaye hakoreshejwe abahindura mu ndimi.

Inyuma yuko ibiganiro birangiye, Prezida Putin yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru ari wenyene, mu gihe Prezida Biden nawe nyene abigenza nk’uko. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG