Uko wahagera

Covid-19: Abategetsi ba G-7 Bemeye Guterera Isi Umuriyaridi w'Incanco


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku musi wa nyuma w'inama ya G7 i Cornwall mu Bwongereza. kw'itariki ya 13/06/2021
Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku musi wa nyuma w'inama ya G7 i Cornwall mu Bwongereza. kw'itariki ya 13/06/2021

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yatangaje ko inama y’ibihugu bihurikiye mu muryango G-7 yabayemwo ugukorera hamwe gutangaje kandi kwatanze umwimbu. Yavuze ko ivyo bihugu bitunze kuruta ibindi kw’isi vyateye intambwe mu rugamba rwo kurwanya umugera wa Covid-19, ugusubira kunagura ubutunzi kw’isi no kudoma urutoke ku Bushinwa ku nyifato yabwo mbi.

Abo bategetsi batangaje ko bazofashisha isi incanco zingana umuriyaridi, harimwo ica kabiri cazo kizotangwa na Reta zunze ubumwe za Amerika. Ni mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu kw’isi ryavuze ko incanco zikenewe ari imiriyaridi 11.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru iyo nama irangiye kuri uyu w’Imana i Carbis Bay mu Bwongereza, Perezida Biden yarashimye amasezerano yapfunditswe arimwo ayo kurwanya ibiturire, no guhagarika amafaranga ashirwa mu migambi y’ibizuku ibhungabanya ibidukikije.

Abategetsi ba G7 kuri uyu w’Imana bateye imikono kw’itangazo ryiswe “Carbis Bay Declaration”, aho biyemeje kurangiza ikiza ca corona no gutegura kazoza kabo, no kunagura ubutunzi.

Ibihugu vya G-7 vyararemerewe n’amashirahamwe y’abagiraneza hamwe n’ibihugu 100 bihurikiye mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ubudandaje birimwo na Amerika. Basavye ko ikingirwa ry’ubuhinga n’ubumenyi ryoba rirahagaritswe kuri tekinologiya yo gukora urucanco rwa Covid-19 kugira ibindi bihugu bishobore kuruhingura. Ariko ivyo bihugu vya G7 vyashimye ko iryo kingirwa ryogumizwaho.

Perezida Biden kuri uyu w’Imana ku muhingamo yaciye yerekeza i Buruseli mu Bubiligi kwitabira inama ya OTAN n’abakuru b’ibihugu vya Buraya, imbere y’umubonano uhanzwe amaso na benshi, uzomuhuza na Perezida Putin ku musi wa gatatu i Geneve mu Busuwisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG