Uko wahagera

ONU: Abantu 350000 Bahanzwe n'Inzara muri Tigreya ya Etiyopiya


Abanyagihugu bo muri Tigre bateshejwe izabo bariko bahabwa imfashanyo i Mekele, mu ntara ya Tigre, mu buraruko bwa Etiyopiya, kw'itariki ya 9/05/2021
Abanyagihugu bo muri Tigre bateshejwe izabo bariko bahabwa imfashanyo i Mekele, mu ntara ya Tigre, mu buraruko bwa Etiyopiya, kw'itariki ya 9/05/2021

Ibigo vya ONU bitanga imfashanyo kuri uyu wa kane vyahamagariye guhagarika intambara zibuza abatanga imfashanyo gushikira abazikeneye mu ntara ya Tigreya yo muri Etiyopiya, bagabisha ko abantu 350 000 bari mu kaga k’inzara, kandi n’abandi imiriyoni zibiri bari mu nzira yo guhamvya abandi.

Ambasaderi wa Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, yavuze ko amakungu adakwiye guheba Etiyopiya ikicwa n’inzara, ko hakwiye gukorwa ikintu ubu nyene. Hari mu nama ya ONU ku gufasha vyihuta abanyagihugu ba Etiyopiya, inama ifashwe mu mugongo na Amerika hamwe n’ubumwe bwa Buraya.

Ku bwa raporo yasohowe kuri uyu wa kane n’ikigo, The Global Network, giha umurongo amareta, ONU hamwe n’amashirahamwe ategamiye reta mu gufasha ahari ibibazo vy’inzara, abantu barenga imiriyoni 5.5 z’abantu bari mu nzara yo ku rwego rwo hejuru mu ntara za Tigreya, Amhara na Afar.

Ikigega ca ONU cita ku bibondo, UNICEF, kivuga ko abana 33 000 bari mu bice abagiraneza bankiwe gushikamwo muri Tigre bashobora no kwicwa n’inzara.

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano karidogerwa ko kananiwe gufata ingingo ruhasha zotuma umutekano ugaruka kugira abakozi bo mu mashirahamwe y’imfashanyo bashikire abanyagihugu muri Tigreya. ONU kandi ngo ntiyategetse ko abasirikare ba Eritreya batahuka iwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG