Uko wahagera

ONU: Inzara Iriko Yica Abanyagihugu muri Tigre


Abana bataye ingo zabo mu burengero bwa Tigre barindiriye guhabwa ibifungurwa ku murwa mukuru Mekele, ke'itariki ya 24/02/2021
Abana bataye ingo zabo mu burengero bwa Tigre barindiriye guhabwa ibifungurwa ku murwa mukuru Mekele, ke'itariki ya 24/02/2021

Umukuru w’igisata ca ONU kijejwe imfashanyo yagabishije kuri uyu wa kane ko intara ya Tigre, mu buraruko bwa Etiyopiya igeze mu bihe bitoroshe vy’inzara, inyuma y’amezi atanu ako karere kari mu ruhagarara rw’intambara. Avuga ko inzara hamwe n’amabi ashingiye ku gitsina vyiyongereye kandi ata kimenyetso cerekana ko inteko za Eritreya ziteguye gutahuka mu gihugu cazo.

Mark Lowcock, yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano, mu nama yabereye mu mwiherero ko ibiro vyiwe vyatanguye kuronka amaraporo y’abantu baza bamaze kwicwa n’inzara. Yavuze ko muri rusangi, abantu 154 bamaze kwicwa n’inzara, abenshi mu karere ka Ofla woreda, mu bumanuko bwa Mekele, umurwa mukuru w’intara ya Tigre.

Lowcock yavuze ko abakozi bo mu mashirahamwe atanga imfashanyo batoroherwa gushikira abanyagihugu basinzikaye, mu gihe igice kinini ca Tigre kitagendwa kubera imishamirano y’intambara canke kubuzwa kwinjirayo.

ONU igereranya ko abantu hafi imiriyoni 4 n’ibihumbi 500 bakeneye gufashwa, hafi imiriyoni 6 ziba muri iyo ntara ya Tigre. Reta ya Etiyopiya yo ishira ico gitigiri hejuru, kuri 91 kw’ijana ry’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG