Uko wahagera

Ishirahamwe 'Amnesty International' Ryagiriza Eritreya Kwica Abasivili


Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, "Amnesty International" ritangaza ko inteko z'igihugu ca Eritreya zishe abasivile b'abanya Etiyopiya amajana n'amajana mu gisagara ca Axum, mu ntara ya Tigre iri mu buraruko bwa Etiyopiya.

Ishirahamwe, “Amnesty International” ryatangaje uno musi ku wa gatanu ko abo bantu bishwe mu kiringo c’amasaha 24 mu mwaka urangiye w’i 2020. Ni ibintu iryo shirahamwe rivuga ko bishobora kuba ari ivyaha vy’agahonerabunwa.

Abategetsi ba Reta ya Eritreya barahakana ivyo birego.

Ishirahamwe, “Amnesty International” rimenyesha ko ryavugishije abantu 42 babonye ivyabaye bavuga ko inteko za Eritreya zishe ikivunge abantu amajana n’amajana mu gisagara ca Axum. Axum ni igisagara ca kera kiri mu buraruko bwa Etiyopiya.

Ubwo bwicanyi, bwamaze amasaha 24, bwabaye hagati y’italiki 28 n’italiki 29 y’ukwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2020. Bwahuriranye n’italiki inteko za Reta ya Etiyopiya zafatiyeko umurwa mukuru w’intara ya Tigre, Mekelle.

Ishirahamwe, “Amnesty International” rivuga ko ubwo bwicanyi bwari bufise intumbero yo kwihora ku gitero cakozwe n’abarwanyi bo mu ntara ya Tigre ku nteko za Eritreya.

Izo nteko zaragandaguye abagabo n’abahungu mu mabarabara, zongera zirasahura mu bice bitari bike.

Eritreya iguma ivuga ko ata ruhara abasirikare bayo bagize mu ntambara yo mu ntara ya Tigre.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanaire wa Eritreya, Yemane Meskel, ariyamiriza ivyatangajwe na Amnesty International. Amenyesha ko iryo shirahamwe ritigeze rigira akigoro k’ukurondera amakuru ayariyo yose atanzwe n’igihugu ciwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG