Uko wahagera

USA: Ikigo Lantos Foundation Gisabira Ibihano Abategetsi 2 b'u Rwanda ku Kibazo ca Rusesabagina


Umushikiranganji w'Ubutungane mu Rwanda Busingye Johnston

Ikigo Lantos Foundation co muri Reta zunze ubumwe za Amerika cishinze guharanira agateka ka zina muntu n’ubutungane, kuri uyu wa mbere catangaje ko carungikiye urwandiko ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ubw’ikigega ca reta muri Amerika, gisabira ibihano abategetsi babiri b’u Rwanda ku kibazo ca Paul Rusesabagina.

Abo bategetsi ni umushikiranganji w’ubutungane w'u Rwanda, Johnston Busingye hamwe n’umukuru w’urwego rw’igihugu rw’ubugenzacyaha (RIB), Colonel Jeannot Ruhunga. Bagirizwa kugira uruhara mu guhungabanya uburenganzira bwa muntu kuri Paul Rusesabagina kuco ico kigo cise kumunyuruza kwabaye mu kwezi kwa munani 2020.

Ico kigo catanze ivyemeza vy’uko abo bategetsi babiri bashobora kandi bakwiye guhanirwa kuba baranyuruje Rusesabagina, kandi ko barenze kubiri amategeko mpuzamakungu akingira abantu bose kugira ntibanyuruzwe. Ikigo Lantos Foundation cavuze ko urwo rwandiko rusabira ibihano abo bategetsi rwarungikiwe kandi abategetsi b’Ubwongereza hamwe n’abo mu muryango w'ubumwe bwa Buraya kibasaba kugira ico bakoze ku ruhande rwabo mu gufatira ibihano abo bategetsi.

Urwo rwandiko rwerekana ko rwarungikiwe abo bategetsi bo muri Amerika na Buraya mu kwezi kwa gatanu itariki 18, 2021.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG