Uko wahagera

Umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau Yarapfuye


Umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau
Umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau

Umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau, yariyishe mu rugamba we n’abayoboke biwe barimwo barwana n’abandi barwanyi b’abajihadiste bo mu muhari ISWAP, urwanira mu ntara y’uburengero bwa Afrika.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ryatangaje ko iyi nkuru ryayikuye mw’ijwi ryahawe n’uwo muhari ISWAP kuri uyu w’Imana, inyuma y’indwi zibiri havugwa ko Shekau yoba yarapfuye.

Boko Haram ntaco iravuga kuri urwo rupfu rw’umukuru wayo, yari amaze ibinyecumi birenga bibiri agaba ibitero mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Igisirikare ca Nijeriya cavuze ko kikiriko kiratohoza aya makuru.

Umuhari ISWAP wavuze ko abarwanyi bawo bamusanze mw’ishamba n’abarwanyi biwe, bamusaba hamwe n’abarwanyi biwe kwishikana no kwihana, ariko Shekau ngo yaciye ahitamwo kwiturikirizako igisasu arapfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG