Uko wahagera

Nigeria: Abarwanyi ba Boko Haram Bemanze Kunyuruza Abanyeshure


Icyumba abanyeshuli bafashwe bunyago bigiragamo mu ntara ya katsina muri Nijeriya
Icyumba abanyeshuli bafashwe bunyago bigiragamo mu ntara ya katsina muri Nijeriya

Gambo Isah, umuvugizi w’igipolisi ca Nigeria mu karere ka Katsina amenyesha ko abatari bake mu banyeshure 600 bo kuri iryo shure bashoboye guhunga igetero c'abarwanyi ba Boko Haram

Abana 330 baranyurujwe kw’ishure ryisumbuye ry’ubumenyi rya reta ( Government Science Secondary School) inyuma y’igitero cabaye mw’ijoro ryo ku wa gatanu w’indwi iheze mu ntara ya Kankara. Ayo makuru y’inyuruzwa ry’abana b’abahungu atangazwa n’ikinyamakiuru Daily Nigerian.

Ico kinyamakuru kiri ku mbuga ngurukanabumenyi gitangaza ko caronse amajwi yafashwe arimwo umukuru wa Boko Harama Abubakar Shekau avuga ko aribo bakoze ico gitero kubera y'uko inyigisho ziva mu bihugu vyo mu burengero bw’isi ziteye kubiri n’amabwirizwa y’idini rya Islamu.

Nta makuru aremeza neza ayo majwi y’umukuru wa Boko Haram, ariko mu bihe vyahise Abubakar yarigeze gusohora amajwi n’amasanamu ya video ashikiriza amajambo ku giti cy’umuhari wabo.

Gambo Isah, umuvugizi w’igipolisi ca Nigeria mu karere ka Katsina amenyesha ko abatari bake mu banyeshure 600 bo kuri iryo shure bashoboye guhunga ico gitero, igihe igipolisi cariko gitana mu mitwe n’abo bagwanyi.

Reta imenyesha ko ibikogwa vyo gutabara abo banyeshure bigizwe n’abapolisi hamwe n’abasirikare bagwanira mu kirere vyatanguye ku musi wa gatandatu mu karere ka Zango, inyuma y'aho baronkeye amakuru ko hari abagizi ba nabi bari binyegeje mw'ishamba rya Paula.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG