Ishirahamwe mpuzamakungu rihurikiyemwo ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, Francophonie, ryakuye Mali muri uyo muryango kuri uyu wa kane, inyuma ya kudeta igira kabiri yabaye muri ico gihugu mu mwaka umwe.
Mu mubonano wahuje ivyo bihugu i Paris kw’itariki ya 24 z’ukwezi kwa gatanu, baraneguye bivuye inyuma kudeta yarongowe n’umusirikare Colonel Assimi Goita, hongera hafatirwa ingingo yo gukura Mali mu muryango. Ariko iryo shirahamwe ryagumanye imigenderanire na Mali mu migambi igamije gusubiza igihugu mu rutonde rwa demokarasi.
Ishirahamwe Francophonie risaba Mali kugena umushikiranganji wa mbere w’umusivile no gushinga na reta ihurikiyemwo bose. Ubufaransa bwavuze kandi ko buhagaritse ibikorwa vya gisirikare bwahora bukorana na Mali.
Ico gihugu co mu karere ka Afrika y’uburengero caranakuwe mu muryango w’ubumwe bwa Afrika no mw’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO.
Facebook Forum