Uko wahagera

Isirayeli na Palestina Bahagaritse Imishamirano


Israel-Palestine Conflict
Israel-Palestine Conflict

Uguhagarika imirwano hagati ya Isirayeli n’umuhari Hamas ugenzura igisagara ca Gaza, kwashizwe mu ngiro mu gaturuturu ko kuri uyu wa gatanu, inyuma y’imisi 11 y’ibitero vy’indege za Isirayeli ku banyepalestina hamwe n’ivyavuye i Gaza bitumbera muri Isirayeli.

Uguhimbaza akanyamuneza k’uko guhagarika intambara kwumvikanye mu mabarabara y’i Gaza, haciye iminota bishizwe mu ngiro, nkuko abamenyeshamakuru b’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP babivuze.

Igihugu ca Misiri ni co cafashije kwumvikanisha izo mpande zibiri. Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yashimye uko kwumvikana.

Ibiro vy’Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu vyavuze ko akanama ka reta kajejwe umutekano kemeye ivyashikirijwe n’abategetsi ba gisirikare, mu kwemera ihagarika intambara ryafashijwemwo na Misiri ata kibanje gusabwa.

Umuhari Hamas nawo nyene wemeje iryo hagarikwa ry’intambara. Isirayeli yavuze ko ibitero vyayo vy’ingede vyashitse kuco vyari bigamije i Gaza.

Izo ntambara zadutse mu ntango z’uku kwezi haheze indwi hari icuka kibi i Yerusalemu catewe no kwirukana abanyepalestina mu mazu yabo mu buseruko bwa Yerusalemu kugira bahahe abayahudi. Mu nyuma haba imishamirano ku musigiti w’i Al-Aqsa.

Ibitero vya Isirayeli i Gaza vyishe abanyepalestina 232, barimwo abana 65, hamwe n’abarwanyi ba Hamas, hamwe n’abandi 1900 bakomeretse nkuko bivugwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Ku ruhande rwa Isirayeli 12 ni bo bahasize ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG