Uko wahagera

RDC: Umusirikare wa Monusco Yishwe na ADF


Abasirikare ba MONUSCO mu bikorwa vyo gukizura mu ntara ya Ituri, mu buseruko bwa Kongo.
Abasirikare ba MONUSCO mu bikorwa vyo gukizura mu ntara ya Ituri, mu buseruko bwa Kongo.

Umusirikare w’umukenyezi wo mu nteko za ONU ziri kubungabunga amahoro n’umutekano muri Republika ya demokarasi ya Kongo yishwe kuri uyu wa mbere mu gitero c’umurwi w’abarobeli mu buseruko bw’igihugu.

Uwo musirikare w’imyaka 28 yamuka muri Malawi yishwe igihe ikambi y’i Kiliya mu ntara ya Beni yaterwa, nkuko umushikiranganji wa Malawi wo kwivuna abansi yabivuze.

Amakuru ava muri ONU ku muntu atashimye ko amazina yiwe amenyekana avuga ko ico gitero ku nteko za MONUSCO cakozwe n’abarobeli b’umuhari ADF, ubangamiye umutekano mu buseruko bwa Kongo.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri 2017, ADF yishe abasirikare ba ONU 15 bamuka muri Tanzaniya muri Beni. Mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka ukurikira, abandi basirikare indwi ba ONU barishwe mu mutego wa ADF.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG