Uko wahagera

Abasirikare 6 ba Monusco Barishwe muri RDC


Abasirikare ba Monusco
Abasirikare ba Monusco

Abasirikare indwi ba ONU bo mu nteko za Monusco barishwe mu bitero bakoranye n’abasirikare ba reta mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo. Batandatu mu bapfuye bamuka muri Malawi, uwundi umwe n’uwo muri Tanzaniya.

Abandi cumi muri abo basirikare babungabunga umutekano barakomeretse, uwundi umwe araburwa irengero, nkuko amakuru yashikirijwe n’umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU avuga. Abasirikare batari bake ba Kongo hamwe n’igitigiri kitazwi c’abarwanyi bariko bahangana na bo bavugwa ko bishwe canke bakomeretse muri iyo mirwano.

Izo ntambara zabereye hafi y’igisagara ca Beni, mu ntara ya Kivu y’uburaruko, ahavugwa ikiza ca Ebola. Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ryashikirije ko abasirikare ba ONU hamwe n’aba Kongo batanye mu mitwe n’abarwanyi b’umuhari ADF mu birindiro vyawo vy’ahitwa Kididiwe.

ADF ni abarwanyi bava muri Uganda bamaze imyaka bakorera muri Kongo.

Umutegetsi wa ONU atashimye kumenyekana ntiyashatse kwemeza ko ari ONU yariko irahiga abo barwanyi, ariko bavuze ko uko gutana mu mitwe kwabaye mu misi ibiri irenga.

Inteko za ONU muri Kongo, MONUSCO, zifise abasirikare bashika ku bihumbi 18, bamaze imyaka irenga 20 muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo mu gihe ico gihugu casinzikajwe n’intambara hamwe n’ubwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG