Uko wahagera

Amerika na Irani Bishobora Gusubira mu Masezerano ya Nikleyeli


Isanamu yo kw'itariki ya 1 ukwezi kea gatanu yerekana intumwa z'impande ziri mu biganiro ku masezerano ya Nikleyeli i Vienna muri Autriche.
Isanamu yo kw'itariki ya 1 ukwezi kea gatanu yerekana intumwa z'impande ziri mu biganiro ku masezerano ya Nikleyeli i Vienna muri Autriche.

Hashobora gupfundikwa amasezerano mu ndwi ziri imbere acira inzira Reta zunze ubumwe za Amerika na Irani yo gusubira mu masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015. Umutegetsi mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire yabivuze kuri uyu wa kane, ariko yongerako ko ari mu gihe Irani yofata ingingo ya poritike yo kubikora, kandi ko hakiri n’ivyo gukorwa.

Abategetsi ba Amerika barasubiye i Vienne muri Otrishiya ku ncuro ya kane y’ibiganiro na Irani ku kuntu bosubira muri ayo masezerano, uwahoze ari perezida Donald Trump yavuyemwo mu 2018, bica bituma Irani itangura kutayubahiriza.

Abategetsi ba Amerika bavuze ko bishoboka gushika ku mwumvikano wo kunagura amasezerano ya Nikleyeli imbere y’itariki ya 18 z’ukwezi kwa gatandatu aho Irani izotunganya amatora. Ariko bavuga ko bizosaba Irani gufata ingingo ya poritike hamwe no kutabandanya isaba Amerika kugira ibindi ikora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG